COVID19: Reta ya Etiyopiya Yongeye Amafaranga mu Gisata c'Ubuvuzi

Abiy Ahmed umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya

Igihugu ca Etiyopiya congereje amafranga agenewe igisata c'ubuvuzi ku rugero rw'ibice 46 kw'ijana mu ntunbero y'ukurwanya ikiza c'umugera wa Corona.

Ico gihugu cafashe iyo ngingo inyuma yuko ikiza c’umugera wa Corona cerekanye akamaro nkenerwa k’ukuronka ibikoresho, ibibanza n’abakozi kurushiriza mu rugamba rw’ukukirwanya. Ivyo vyatangajwe uno musi ku wa mbere n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed.

Etiyopiya yakoresheje incuro zibiri amafranga ikoresha ku mwaka mu gisata c’ubuvuzi mu kuriha amadeni ifitiye amakungu. Yamara muri iki gihe iriko irahindura imigambi y’ugushimikirako.

Aby Ahmed yatangaje ko mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika igisata c’ubuvuzi cibagiwe. Amenyesha ko ikiza c’umugera wa Corona cabigaragaje.

Amafranga reta ikoresha yerekanye ko igisata c’ubuvuzi caronkejwe imiliyoni 500 y’amadolari mw'itegeko ritegekanya amafaranga Reta izokoresha mu 2020/2021.