Igihugu ca Etiyopiya kimenyesha ko kigiye guhindura inoti z’amafaranga yaco mu ntumbero yo gufasha ubutunzi bwaco butifashe neza kandi no mu kugwanya urudandazwa rutandukanye rutemewe n’amategeko rwibonekeza.
Umushikirangaji mukuru Ahmed Abiy avuga ko bagiye gusohora inoti nshasha za 10, 50, 100 n'iya 200 itari isanzwe, kandi zikaba zigiye gukogwa mu buryo buhambaye buzogora cane abogerageza kuzigana.
Bizosaba uburyo bungana n’imiriyoni 97 z’amadolari y’Amanyamerika gusohora izo noti nshasha. Kuva ejo ku musi wa mbere ni ho reta ya Etiyopiya yatesheje agaciro inoti zahahora, ica iha abanyagihugu ikiringo c’amezi atatu kugira basubize inoti za kera mu mabanki y’igihugu.
Umushikiranganji Abiy Ahmed avuga ko iyo ngingo igihugu cafashe igiye kugwanya inyifato y’abantu bagumya urugero runini cane rw’amafaranga mu bubiko bisangije, ingeso z’ibiturire, ukwigana inoti bisanzwe bitemewe n’amategeko, n’ubundi bugizi bwa nabi bubangamiye ubutinzi bw’igihugu.
Facebook Forum