Umucamanza w’i Vatikano mu Butariyano yatanze itegeko ko abantu 10 barimwo Karidinali Angelo Becciu yigeze kuba umwe mu bahanuzi bakuru begereye Papa Fransisiko, baburanishwa ku vyaha birimwo ubunyonyezi bw’ubutunzi bwa Ekleziya Katorika no gukoresha nabi ububasha afise.
Ivyaha abo bantu bagirizwa bishingiye kw’igurwa ry’inzu ifise agaciro k’imiriyoni 200 mu madorali y'Amerika. Iyo nzu yaguzwe ku murwa mukuru w’Ubwongereza i Londres bivugwa ko yegukira abarwizatunga b’abatariyano, yaguzwe mu gipfungu cinshi hakoreshejwe uburyo bwa Ekleziya Katorika.
Igihe intambwe zo kugura iyo nzu zatangura mu 2014, Kardinali Becciu yari mu banyamabanga babiri bakuru b’i Vaticano. Uru rwego ni narwo rucungera imfashanyo za Ekleziya Katorika. Mw’itangazo Kardinali Becciu yasohoye, yahakanye ivyo yagirizwa, avuga ko ari “Umwere, ariko azira abashaka kumugirira nabi no kumucafuriza izina.” Kardinali Becciu muri iryo tangazo, yumvikanishije ko atari we azobona harageze ngo aje imbere y’ubutungane kwisigura.
Kardinali Becciu w’imyaka 73 nabo basangiye dosiye bazorenguka imbere y’ubutungane bwa Vatikano igenekerezo rya 27 uku kwezi kw’indwi nyene. Abandi mu bo basangiye dosiye, harimwo Musenyeri Mauro Carlino, yahoze ari Umunyamabanga wa Kardinali Becciu, Musenyeri Enrico Crasso, yahoze ajejwe ikigega c’ubunyamabanga bwa Vaticano. Ico kigega kirimwo amamiriyoni n’amamiriyoni y’amafaranga y’ama Euro kibikwamwo amafaranga Vatikano ironswa nk’ingabire.
Abandi mu bazokwumvirizwa muri urwo rubanza, barimwo umupfasoni yitwa Cecilia Marogna bakunze kwita “Madamu wa Kardinali”. Uwu mupfasoni, vyigeze kuvugwa ko ubunyamabanga bukuru bwa Vatikano muri kahise bwashize kuri compte ya banki yiwe iri muri Slovenie mu buryo budasobanutse amafaranga agera ku bihumbi 500 vy’ama Euros.