Abagwa mu Bitero vya Isirayeli mu Ntara ya Gaza Bariyongera

Isirayeli yakoze ibitero vy’indege z’ingwano bitari bike muri Gaza uno musi ku wa gatatu, mu gihe abarwanyi b’Abanyapalestina barashe rokete zitari nke ku murwa mukuru, Tel Aviv n’igisagara ca Beersheba kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Abantu batari musi ya 49 baramaze kwicwa mu ntara ya Gaza kuva ivyo bitero bitanguye ku musi wa mbere. Abantu 6 baramaze kwicwa muri Isirayeli.

Amakuru atangazwa n’umwe mu bayobozi b’ubutegetsi bw’Abanyapalestina amenyesha ko utwigoro two guhagarika iyo ntambara hagati ya Isirayeli n’abarwanyi b’abanyapalestina duhagarikiwe n’ibihugu vya Misiri, Qatar, n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU tubandanya.

Yamara intumwa ku bijanye n’amahoro mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi, Tor Wennesland, avuga ko ishirahamwe ONU ririko rikorana n’impande zose kugira umutekano ugaruke hagati ya Isirayeli n’Abanyapalestina.

Isirayeli ivuga ko indege zayo z’ingwano zishe abayobozi batari bake bajejwe iperereza b’umurwi Hamas. Ibindi bitero vyakozwe mu bibanza birasirwamwo za rokete, ibiro vy’umurwi Hamas n’amazu y’abayobozi bawo.

Iyo ntambara yadutse hagati ya Isirayeli n’umurwi Hamas ni yo ikomeye cane ibaye kuva ingwano yabaye hagati y’izo mpande zibiri mu mwaka w’i 2014.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Isirayeli, Benny Gantz, yatangaje ko bazobandanya kugira ibitero gushika bashitse ku migambi bishinze.