Abanyafrika y’epfo baharurwa mu majana bakoze imyiyerekano kuri uyu wa kabiri biyamiriza ibitero vya Isirayeli ku banyapalestina, inyuma y’aho abantu bashika 28 biciwe, inyuma yo gutana mu mitwe ku musigiti Al-Aqsa w’i Yerusalemu.
Afrika y’epfo yagaragaje ko ishigikiye ico abanyepalestina baharanira, mu kwunga imigenderanire mu 1995, inyuma y’umwaka intwaro y’agacinyizo ya Apartheid irangiye.
Abakoze imyiyerekano bari bitwaje ibendera rya Palestina, bagendagenda mu mabarabara y’igisagara Cape Town baririmba basaba ko abanyepalestina babohorwa, Isirayeli igashirwa hasi.
Afrika y’epfo iri mu bihugu 130 vyemera ko Palestina ari igihugu cigenga.
Perezida Cyril Ramaphosa, ku musi wa mbere yashimikiye ko umugambwe ANC uri ku butegetsi usohora itangazo rinegura ikurwa ry’abanyepalestina mu mazu yabo hamwe n’ibitero bakorewe ku musigiti wa Al Aqsa.
Ku ruhande rwa Palestina, abana icenda bari mu bantu bashika 26 bapfuye mu karere ka Gaza, mu gihe ku ruhande rwa Isirayeli, roketi zatewe zishe abakenyezi babiri, nkuko amakuru abivuga.
Facebook Forum