Perezida Macron Yasavye Agahengwe mu Ntamabara Isirayeri Irwana na Hamas

Ibisasu bya Isirayeli biguye mu ntara ya Gaza

Prezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, kuri uyu wa gatanu, yasavye ho haba agahengwe mu ntamabara hagati ya Isirayeri n'umurwi Hamas kugira abasivile mu ntara ya Gaza bakingirwe.

Prezida Emmanuel Macron yaremeye ko Israyeri ifise uburengenzira bwo kurwanya iterabwoba.

Yamara yatangaje ko ingingo ya Israyeri yo kuzibira intara ya Gaza ku buryo ata cinjira canke ngo gisohoke, no gukora ibitero idatora ku banyagihugu, n’ibitero itegekanya gukora muri Gaza ikoresheje inteko zirwanaira ku butaka ari ibintu bigeramiye bikomeye abasivile.

Yasavye ko hoba agahengwe mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu muri Gaza basinzijajwe n’ibitero vy’amabombe vya Israyeri. Ivyo bitero vyabaye inyishu ku bitero umurwi Hamas wakoze kuri ico gihugu kw’italiki 7 y’uku kwezi kw’icumi.

Muri ico gihe, kuri uyu wa gatanu, igisirikare ca Israyeri cagirije umurwi Hamas ko ukoresha ibitaro mu ntara ya Gaza nk’ibibanza vyo guteguriramwo ibitero ku butaka bwa Israyeri. Ni mu gihe ingwano ibandanya mu ntara ya Gaza.

Umuvugizi w’igisirikare ca Israyeri, Daniel Hagari, yabwiye abamenyeshamakuru, ko abarwanyi b’umurwi Hamas bakora ibitero bari mu bitaro mu ntara ya Gaza.

Yongeye atangaza kandi ko bakoresha ibitoro biri muri ivyo bibanza kugira bakore ibitero vyabo. (AFP)