Uko wahagera

Gaza: Isirayeli Yarashe Amabombe mw’Ikambi y’Impunzi ya Khani Younis


i Khan Younis aho indege za Isirayeli zasutse urusasu.
i Khan Younis aho indege za Isirayeli zasutse urusasu.

Indege z'ingwano za Israyeri, ku musi wa kane, zarakoze ibitero vy'amabombe mw'ikambi irimwo impunzi nyinshi cane mu gisagara ca Khan Younis, mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, AP, ryatangaje ko ivyo bitero mu gisagara ca Khan Younis vyahitanye abantu batari musi ya 15, abandi batari bake barakomereka. Ryavuze ko ari bimwe mu bitero vy’indege z’ingwano Isirayeri iherutse gukora mu bice birimwo abanyagihugu benshi mu ntara ya Gaza, vyahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi. Benshi muri bo ni abapfasoni n’abana.

Ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, yinjiye ku musi ugira uwa 20, kuri uyu wa kane. Yatanguye igihe abarwanyi b’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza bakora ibitero vyihaye inkumbi muri Isirayeri, kw’italiki 7 y’uku kwezi kw’icumi. Bishe abantu baharurwa mu bihumbi, baranyuruza abagabo, abapfasoni n’abana, harimwo n’abageze mu za bukuru n’abafise ubumuga.

Isirayeri yaciye ikora ibitero vy’indege z’ingwano mu ntara ya Gaza, yongera irabuza ibifungurwa, ibitoro n’izindi mfashanyo kwinjira muri iyo ntara mu ntumbero yo gusubiriza mu nkoko ibitero vy’umurwi Hamas. Ingwano iriko iba muri ki gihe hagati ya Iisrayeri na Hamas ni yo iriko yiha inkumbi kurusha igihe

cose habaye mu ngwano hagati y’izo mpande zibiri. Reta zunze ubume z’Amerika ifata Hamas nk’umurwi w’iterabwoba. (AFRICANEWS )

Forum

XS
SM
MD
LG