Uko wahagera

Abaserukira Hamas na Irani Bahuriye mu Biganiro i Moscou mu Burusiya


Maria Zakharova, uvugira minisiteri y'Ububanyi n'amahanga y'Uburusiya.
Maria Zakharova, uvugira minisiteri y'Ububanyi n'amahanga y'Uburusiya.

Uburusiya bwatangaje ko bwagize ibiganiro n’abaserukira umurwi Hamas ugenzura intara ya Gaza n'abaserukira igihugu ca Irani bahuye mu biganiro.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Maria Zakharova, yavuze ko icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Ali Bagheri Kan, na we yari muri iyo nama. Yemeje kandi amakuru avuga ko abaserukira umurwi Hamas na bo nyene bari i Moscou. Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Burusiya, RIA, ryatangaje ko Abu Marzook, umunywanyi akomeye w’umurwi Hamas yari mu bagize urugendo.

Uburusiya burafitaniye imigenderanire n’ibihugu bifise uruhara rukomeye mu bibera mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi, harimwo Isirayeri, Irani, ubutegetsi bw’Abanyapalestina n’umurwi Hamas.

Abategetsi b’Uburusiya baravuze incuro zitari nke ko ibibazo biriko biba muri iki gihe muri ako karere vyatumwe n’uko imigambi ya politike ya Amerika muri iyo ntara, yananiwe kugira ico ishitseko. Basavye ko haba agahengwe mu ntambara hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, n’uko ibiganiro bigenewe gutora inyishu iciye mu mahoro bisubira kubandanya. Reta zunze ubumwe z’Amerika ifata Hamas nk’umurwi w’iterabwoba. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG