Umuhungu wa Prezida Biden Yegetsweko Ivyaha vyo Gutunga Inkoho Atabirekuriwe

Hunter Biden

Hunter Biden, umuhungu wa Prezida wa Reta Zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa kane, yegetsweko ku rwego rw'igihugu ivyaha vyo gutunga inkoho atabirekuriwe. Ivyo vyaha yegetsweko kuri uyu wa kane, bije inyuma y’itohoza rimaze igihe rikorwa kuri we.

Hunter Biden yagirizwa ko yabeshe ku bijanye no gufata ibiyaruramutwe igihe yagura inkoho mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2018. Ico gihe yariyemereye ko yari afise ibibazo vyo guheba ibiyayuramutwe, bizwi nka “cocaine”. Iyo ngingo yafatiye ku rubanza abashikirizamanza bashinze muri sentare yo ku rwego rw’igihugu muri Reta ya Delaware.

Hariko haraba kandi itohoza kuri we ku bijanye n’ibikorwa vyiwe vy’ubudandaji. Umushikirizamanza adasanzwe akwirikirana urwo rubanza yatangaje ko ivyaha vyiwe vyo kuba atatanze amatagisi ku gihe, rushobora gushikirizwa muri sentare i Washington DC, canke muri Reta ya Californiya, aho aba muri iki gihe.

Bibaye mu gihe abashingamateka b’Abarepublikani bariko bakora itohoza kuri Prezida Joe Biden ku bijanye n’imirimo y’ubudandaji y’umuhungu wiwe. Bagiriza Hunter Biden ko yakoresheje izina rya se wiwe kugira akore ibikorwa vy’ubudandaji mu mahanga bimworoheye. Yamara nta vyemezo bigaragara ko Prezida Biden yoba abifisemwo uruhara, barerekana. (AP)