Nijeri: Cedeao Yoba Yagondojwe Yemera Ibiganiro

Ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ryateye ivyatsi umugambi w'ikiringo mfatakibanza c'imyaka 3 kizoshikana ku ntwaro igendera kuri demokarasi, washikirijwe n'abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri. Iryo shirahamwe ryatangaje ko ico kiringo, ari agasomborotso.

Abdel-Fatou Musah, umutegetsi mukuru ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe CEDEAO, yatangaje ko imiryango icuguruye ku biganiro n’abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri. Yamara avuga ko ishirahamwe CEDEAO ritazoja mu biganiro bidahera.

Uwo mutegetsi Musah yavuze ko abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe CEDEAO n’abagize urwego rwaryo rujejwe amahoro n’umutekano babona ko kudeta yo muri Nijeri yiyongeye ku zindi zitari nke zabaye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Kubera izo mvo, avuga ko abarongoye iryo shirahamwe bazokora ibishoboka vyose kugira bahagarike iyo nyifato yo gutembagaza ubutegetsi, ihagarare. Yavuze ko naho ibiganro n’abakoze kudeta biriko birabandanya, imiryango itazoguma yuguruye kuri ivyo biganiro, atakivamwo. Yatangaje ko ibiganiro bidahera, vyibonekeje muri Mali, Burkina Faso n’ahandi.

Ivyatangajwe na Abdel-Fatou Musah vyabaye imisi mikeyi inyuma y’uko intumwa z’ishirahamwe CEDEAO zibonanye na Jenerali Abdourahmane Tchiani. Uyo wari umubonano wa mbere bagize kuva abasirikare bagumutse batembagaje Prezida Mohamed Bazoum. (AP)