Uko wahagera

Cedeao Yanse Ikiringo c'Imfatakibanza c'Imyaka Itatu muri Nijeri


Ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi hagati y'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ryateye ivyatsi umugambi w’abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri, basaba ikiringo c’imyaka itatu y’imfatakibanza.

Mu kiganiro komiseri mukuru mu gisata kiraba politike n’umutekano muri CEDEAO, Abdel-Fatau Musah yahaye tereviziyo y’Abarabu Al Jazeera kuri uno wa mbere, yavuze ko inzego zagiyeho biciye mw’iyubahirizwa ry’ibwirizwa nshingiro zibwirizwa gusubizwa ubutegetsi bwa Nijeri mu maguru masha.

CEDEAO ibishikirije inyuma y’aho abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri batangarije ko ikiringo c’imfatakibanza kidashobora kuja munsi y’imyaka 3.

Jenerali Abdourahamane Tiani arongoye abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri, yabitangaje mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’urugendo intumwa za CEDEAO zagize muri ico gihugu.

Urwo rugendo rwari rufise intumbero yo kuraba nimba hari inzira ziciye mu biganiro, zishobora kugarukana Prezida Mohammed Bazoum ku butegetsi bwa Nijeri, imbere y’uko CEDEAO ikoresha inguvu za gisirikare. Ni urugendo rufatwa nk’akigoro ka nyuma ko kurondera inyishu iciye mu biganiro, gakozwe na CEDEAO.

Jenerali Abdourahamane Tiani arongoye Nijeri biciye muri Kudeta yabaye igenekerezo rya 26 ukwezi kwa 7, yagirije CEDEAO kwipfuza gutera igihugu ciwe.

Ku bwa Jenerali Tiani, CEDEAO izorangura uwo mugambi ifatikanije n’igisirikare mvamakungu atatomoye igihugu cegukira. Uwo mutegetsi yagabishije CEDEAO ko niyahirahira igashira uwo mugambi mu ngiro, izokwibonerako.

CEDEAO yaratangaje ko yipfuza kurungika inteko zayo muri Nijeri. Iryo shirahamwe ntiritomora neza ngo rivuge igihe, rizorungikira izo nteko. Iryo shirahamwe ntirivuga ko ivyo vyitwa gutera Nijeri, ahubwo rivuga ko ari “ukubohoza demokarasi y’ico gihugu.” Iryo shirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi hagati y'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, rivuga ko ribwirizwa gufata ingingo mu maguru masha.

Forum

XS
SM
MD
LG