Uko wahagera

Nijeri: Amagara ya Mohamed Bazoum Yakuwe ku Butegetsi Yoba Yifashe Nabi


Mohamed Bazoum wahiritswe ku butegetsi muri Nijeri
Mohamed Bazoum wahiritswe ku butegetsi muri Nijeri

Umutegetsi mukuru w'umuryango w'ubumwe bw'Uburaya, Charles Michel, uno musi ku wa gatanu, yagabishije ko hazoba inkurikizi zikomeye cane, mu gihe reta y'igisirikare muri Nijeri itokwitaho amagara ya prezida yakuwe ku butegetsi, Mohamed Bazoum, yifashe nabi muri iki gihe apfungiwe i muhira iwe

Mu kiganiro yagiranye kuri telefone na prezida wa Nijeriya, Bola Tinubu, n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, Charles Michel yatangaje ko uburyo Prezida Bazoum apfungiwemwo buriko butuma amagara yiwe atera amera nabi kurushiriza. Bazoum, afise imyaka 63, yapfunzwe n’inteko zari zijejwe kumucungera kw’itariki 26 y’ukwezi kw’indwi muri uyu mwaka. Hari muri kudeta igira iy’indwi muri Nijeri kuva ico gihugu cikukiye mu mwaka w’i 1960. We, n’umuryango wiwe bapfungiwe I muhira iwe.

Charles Michel yatangaje ko Prezida wa Nijeriya, Bola Tinubu, yashimikiye ku ngingo zafashwe n’ishirahamwe CEDEAO ku bijanye no gukorera hamwe. Uyu mutegetsi w’Uburaya yavuze ko ishirahamwe CEDEAO rizogumizaho ibihano naho biriko bigira ingaruka ku butunzi bwa bimwe mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero.

Charles Michel yatangaje ko umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya ushigikiye wivuye inyuma ingingo z’ishirahamwe CEDEAO, hamwe n’ingingo y’amakungu yo kwiyamiriza yivuye inyuma kudeta yabaye muri Nijeri. Michel yavuze ko umuryango w’Unumwe bw’Uburaya utazokwemera abategetsi bavuye muri kudeta muri Nijeri. Yumvikanishije ko Prezida Mohamed Bazoum yavuye mu matora aciye mu nzira ya demokrasi, ari we akiri umukuru w’igihugu ca Nijeri yemewe. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG