Abasirikare Bashinze Reta Nshasha muri Nijeri

Abasirikare bagize uruhara mw'itembagaza ry'ubutegetsi muri Nijeri

Abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri barashizeho reta nshasha, hisunzwe itegeko ry'umutegetsi w'umusirikare mushasha, Jenerali Abdourahamane Tiani, ryasomwe kuri televiziyo y'igihugu, mw'ijoro ry'ejo ku musi wa gatatu.

Iyo reta igizwe n’abashikiranganji 20 yatangajwe imbere y’inama ikomeye cane y’abategetsi b’ibihugu bibanyi vya Nijeri, itegekanijwe, uno musi ku wa kane, ku murwa mukuru wa Nijeriya, Abuja.

Iyi reta nshasha iyobowe n’umushikiranganji wa mbere, Ali Mahaman Lamine Zeine, yagenywe muri ayo mabanga ku musi wa mbere w’iyi ndwi. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Jenerali Salifou Mody, n’uw’intwaro yo hagati, Jenerali Mohamed Toumba, bari mu rwego rw’igirikare rwafashe ubutegetsi muri kudeta iheruka kuba.

Ishirwaho rya reta nshasha ryerekana ko abategetsi b’abasirikare bakoze kudeta bariko baratsimbataza intwaro yabo kuva batembagaje prezida yavuye mu matora, Mohamed Bazoum mu kwezi guheze. Bisa n’uko ari ikimenyetso c’akasuzuguro ku bategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe CEDEAO, bariko babonana, uno musi ku wa kane, ku murwa mukuru wa Nijeriya, Abuja.

Abo bategetsi bakoranye kugira bihweze ukugene ibintu vyifashe muri Nijeri. Ku bw’ishirahamwe CEDEAO, ingingo zikomeye ziritezwe gufatwa muri iyo nama.

Abategetsi b’abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri babona ishirahamwe CEDEAO nk’igikoresho c’Ubufransa, bwahoze bukolonije ico gihugu. Ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, baragirije Ubufransa ko bwarenze ku ngingo yafashwe yo kwugara ikirere c’igihugu cabo. Iyo ngingo yafashwe ku musi w’Imana urangiye. Ubufaransa bwarahakanye ivyo vyagirizo. (AFRICANEWS)