Uko wahagera

Nijeri: Abatembagaje Ubutegetsi Bugaye Ibirere


Imwe mu ndege ku kibuga co muri Nijeri
Imwe mu ndege ku kibuga co muri Nijeri

Abategetsi b'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ku wa kane bazohurira mu nama yihuta yiga ku bibazo vya Nijeri.

Umuvugizi wa CEDEAO, Emos Lungu, yavuze ko inama yo ku wa kane izobera I Abuja ku murwa mukuru wa Nijeriya ahari icicaro gikuru c’iryo shirahamwe.

Nta rutonde rw’ibizovugirwa muri iyo nama CEDEO yasohoye. Gusa, Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, yemeza ko iryo shirahamwe ryoba ryabaye rirabangira gukoresha inguvu za gisirikare nkuko ryari ryakangishije kubikora, ubutegetsi budasubijwe Prezida Mohamed Bazoum.

Hagati aho, abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri bugaye ibirere vy’ico gihugu: Nta ndege y’ubudandaji n’imwe yahagurukiye canke yahahagurukiye.

Mw’itangazo umwe mu baza imbere mu batembagaje ubutegetsi bwa Nijeri yasomeye kuri Tereviziyo y’igihugu, yavuze ko inzego z’umutekano zibifashijwemwo n’abanyagihugu biteguriye kurwanira no gukingira igihugu cabo.

Forum

XS
SM
MD
LG