Abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri babwiye ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO ko badashobora kwakira intumwa zaryo zitegekanijwe kuja ku murwa mukuru, Niamey, bivuye ku mpamvu z'umutekano.
Mw’ikete bwandikiye abaserukira ishirahamwe CEDEAO ku murwa mukuru Niamey, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Nijeri, bwatangaje ko muri iki gihe abanyagihugu bashavujwe n’ibihano iryo shirahamwe ryabafatiye, intumwa ry’izo shirahamwe zidashobora kwakirwa mu mutekano.
Ishirahamwe CEDEAO ryafatiye ibihano Nijeri mu vy’ubudandaji n’amafaranga inyuma y’uko abasirikare batembagaje reta ya Prezida Mohamed Bazoum, kw’itariki 26 y’ukwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.
Ikiringo ntarengwa ishirahamwe CEDEAO ryari ryashinze kugira ubutegetsi busubizwe mu minwe ya Bazoum carangiye ku musi w’Imana. Iryo shirahamwe ryari ryagabishije ko bitagenze gutyo, inguvu za gisirikare zizoca zikoreshwa.
Ishirahamwe CEDEAO ryari ryipfuje kurungika intumwa zaryo ku murwa mukuru wa Nijeri, ku musi wa kabiri, imbere y’inama ku biriko bibera muri ico gihugu itegekanijwe ku musi wa kane w’iyi ndwi ku murwa mukuru wa Nijeriya, Abuja.
Mw’ikete abategetsi b’abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri bandikiye ishirahamwe CEDEAO, ejo kuwa Mbere, baratangaje ko gusibisha urugendo rw’intumwa zaryo bikenewe mu gihe ivyerekeye bamwe mu bagize izo ntumwa bitegerezwa kwihwezwa, bifatiye ku mpamvu z’umutekano wabo. (AFP)
Forum