Amakungu akomeje kwotsa igitututu abatembagaje ubutegetsi muri Nijeri. Ni mu gihe iminsi bahawe yo kubusubiza Prezida Mohamed Bazoum izohera ejo ku wa Mungu.
Impande ziremereye abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Nijeri zirimwo ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO: Iryo shiramwe rivuga ko hageze ejo ku wa Mungu ubutegetsi butarasubizwa mu minwe ya Bazoum, Nijeri izoshirwa mu bihano.
Ubufaransa nabwo bubicishije ku mushikiranganji ajejwe imigenderanire yabwo n’ayandi makungu, bwavuze ko “ku neza y’umutekano w’akarere Nijeri iherereyemwo, no ku neza ya kazoza ka Nijeri”, bushigikiye bwivuye inyuma umugambi wa CEDEAO wo kuburizamwo kudeta ya Nijeri. Ubufaransa bwise kudeta ya Nigeri “Iy’indezarugero”.
Umwe mu bategetsi ba CEDEO yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko ejo ku wa gatanu, abajejwe ibiro bikuru vya gisirikare mu bihugu bigize CEDEAO bahuriye I Abuja muri Nijeriya, bumvikana ko bibaye ngombwa, hazokoreshwa inguvu za gisirikare. Uwo mutegetsi yabwiye AFP ati: “ Twaraciye irya n’ino imikenyuro yose tuzokoresha. Twararimbuye uburyo dukeneye bwose. Eka, twaranize aho tuzorungika ingabo zacu n’ibibanza tuzoshiramwo inguvu.”
Ibihugu bimaze kumenyekana ko vyemeye kurungika ingabo zavyo muri Nijeri ari nkahamwe abasirikare bafise ubutegetsi bw’ico gihugu batobusubiza, birimwo Senegali na Kote d’ivoire.
Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru ntatomora igitigiri c’abasirikare bazorungikwa muri Nijeri ari nkahamwe hogera ejo ku wa Mungu ubutegetsi butarasubira mu minwe yabo bwanyazwe.
Igihugu ca Tchad kiri mu bifise ingabo zikomeye ku mugabane wa Afurika kikaba gihana imbibe na Nijeri, cavuze ko kitari mu bizorungika abasirikare. Ico gihugu kitari muri CEDEAO, cumvikanishije ko gishira imbere ibiganiro.
Hagati aho, ibihugu nka Mali na Burkina Faso bitwarwa n’abasirikare bashikiriye ubutegetsi biciye muri Kudeta, navyo vyavuze ko biri ku ruhande rw’abafise ubutegetsi bwa Nijeri, vyongera bigabisha ko inguvu za gisirikare zokoreshwa, zizofatwa nk’ugusomborotsa intambara y’ivyo bihugu bisanzwe biri mu bihano vya CEDEAO.
Ku rundi ruhande, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, Catherine Colonna, mu kiganiro yahaye tereviziyo yo mu Bufaransa, France info, yavuze ko ukugabisha kwa CEDEAO kudakwiye gufatwa minenerwe.
Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Nijeri igenekerezo rya 30 ukwezi guheze kw’indwi, nabo bagabishije ko bazokwivuna uwuzobakoma wese “Abasomborotsa”.