Impunzi ziba mu Rwanda zifadikanije n’izindi zo kw’isi yose mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wazihariwe. Impuzi zitabiriye ivyo birori zimenyesha ko zikora ibikorwa bitandukanye kugira zivavanure ubutagisubira inyuma n’ukwama burundu zitega amashi.
Umurisho w’ingoma w’impunzi z’Abarundi ni wo wakiriye abashitsi barimwo umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo impunzi, be n’uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR mu Rwanda. Abo bategetsi co kimwe n’abaserukiye impunzi ziba mu Rwanda bitabiriye umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi, uhimbazwa buri mwaka igenekerezo rya 20, ukwezi kwa gatandatu. Uwo musi wahimbajwe ku c’icivugo kigira giti: “Icizere c’ejo Hazoza kure y’i Muhira”.
Impunzi zitabiriye ivyo birori zabwiye Ijwi ry’Amerika ko naho zitari mu gihugu cazo, zikora ibishoboka vyose kugira zibeho zidatega amashi, mu kurondera akazi kabeshaho neza imiryango yabo.
Margueritte Barankitse, umurundikazi yahunze afasha impunzi kwishakamwo inyishu, amenyesha ko impunzi iyo zakiriwe neza zifasha ibihugu vyazakiriye mw’iterambere. Ati impunzi si umuzigo ku bihugu, ahubwo zishobora no kuba inyishu.
Muri HCR bamenyesha ko impunzi zahungiye mu Rwanda bazifasha kugira zishobore kubaho, zibeshejeho. Aissatou Ndiaye Dieng ahagarariye HCR mu Rwanda amenyesha ko hari impunzi nyinshi ziyungunganya kandi imiryango yazo ikabaho neza kuko ziri mu gihugu cakira neza impunzi.
Umushikiranganji Kayisire Marie Solange muvyo ajejwe harimwo impunzi, yaserukiye reta y’u Rwanda muri ivyo birori, yamenyesheje ko impunzi zoroherezwa mu vyo zikora kugira zibeho mu buzima bwiza.
Mu gihugu c’u Rwanda hari impunzi zirenga 120,000 zimwe ziba mu makambi atanu ari yo Mahama, Kiziba, Nyabiheke, Mugombwa na Kigeme. Izindi mpunzi ziba mu bisagara bitandukanye vy’u Rwanda nk’uko ibiharuro biva muri HCR, bivyerekana.
Kw’isi yose ubu haharurwa impunzi zingana imiliyoni 110 nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR ryabimenyesheje kw’itariki 14 za kuno kwezi kwa gatandatu.