Prezida Biden Yavuze ko Atazorungika Indege F-16 muri Ukraine

Indege za Amerika zo mu bwoko bwa F-16

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yavuze kuri uyu wa mbere ko atazorungika muri Ukraine indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16 gufasha ntambara hagati y’ico gihugu n’Uburusiya. Ariko yavuze ko ashobora kuzogendera igihugu ca Polonye bari kumwe muri OTANI mu gufasha Ukraine muvya gisirikare.

Mu ndwi iheze abategetsi ba Ukraine basavye ibihugu vyo mu burengero bw’isi kubarungikira ibirwanisho vy’ubuhinga bugezweho birimwo n’indege z’intambara.

Muri uku kwezi ivyo bihugu vyarashoboye kwumvikana bigoranye kurungika muri Ukraine ibiduga vya bulende, bimwe mu birwanisho bikomeye mu ntambara.

Uyu muhango wa OTANI kuri Ukraine watumye ico gihugu cizera ko gishobora no kuzohabwa indege z’intambara za F-16. Ariko haracari impari muri OTANI kuri ubwo busabe bwa Ukraine.

Mu gihe umwaka ugiye gushika Uburusiya bwinjiye muri Ukraine, kw’itariki ya 24 z’ukwa kabiri, vyitezwe ko Prezida Biden ashobora kuzogenda mu Burayi. Uru rugendo rutumbereye kwerekana ko urunani barimwo rushigikiye Ukraine. Polonye niyo yemeye kuba umuhora w’ibirwanisho vy’abanyaburaya birwana muri Ukraine. Ni igihugu kandi gicuditse cane na Amerika mu buseruko bw’Uburayi.

Prezida Biden yemereye abamenyeshamakuru ko azoja muri ico gihugu ariko ko ataramenya ryari. (AFP)