Uko wahagera

Hongriya Igabisha ko Izobangamira Imigambi yo Guha Ukraine Ibirwanisho


Mykhailo Podolyak umuhanuzi mu biro vya prezida wa Ukraine kumwe n'abamenyeshamakuru
Mykhailo Podolyak umuhanuzi mu biro vya prezida wa Ukraine kumwe n'abamenyeshamakuru

Ibiganiro vy’ingene ibihugu bitunze biri ku ruhande rwa Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya, vyoyironsa ibiduga vy'intambara birinda ibisasu, indege z’intambara n’ibisasu vya Misile birasa kure bigeze kure.

Mykhailo Podolyak, umuhanuzi mu biro vya prezida wa Ukraine yatangaje ano makuru avuga ko iki ari ikimenyetso ciza c’uko amahanga atahura aho intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya igeze.

Uwo mutegetsi, yumvikanishije naho biri uko, ko hari ibihugu bitunze bitarumva ko ari ngombwa gufashisha ibirwanisho Ukraine, “kubera ubwoba bw’impinduka vyotera mu makungu.”

Uburusiya na Koreya ya Ruguru vyagiriza akatari gake ibihugu vyo mu burengero kwivanga cane mu vy’intambara ya Ukraine n’Uburusiya, mu gufashisha ibirwanisho biteye imbere Ukraine.

Mykhailo Podolyak ntiyavuze amazina y’ibihugu bigihigimanga ku bufasha bw’ibirwanisho yemeza ko igihugu ciwe gikeneye. Yagize ati: “ Turiko turaraba ingene twumvikanisha cane iki kibazo. Incuti zacu zibwirizwa kumenya ivyo dukeneye kugira tugabanye ibitigiri vy’inzira karengane zicwa, ivyononekara birimwo amabarabara. Tubwirizwa kwerekana neza akaga umugabane wa Buraya uzorwamwo ari nka hamwe tutaronse uko twivuna.”

Amerika n’Ubudagi biri mu bihugu bimaze kwemerera Ukraine ubufasha bw’ibirwanisho birimwo ibiduga vy’ingwano birinda amasasu. Mu baneguye ubwo bufasha, harimwo umukuru w’ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN, igihugu ca Hongriya, Uburusiya na Koreya ya Ruguru. Hongriya igabisha mbere ko izogerageza kuba intambamyi igihe cose Ubumwe bwa Buraya bwokwipfuza kuja mu nzira y’Amerika n’Ubudagi mu vyo gufasha Ukraine mu birwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG