Abategetsi muri Irani batangaza ko amatohoza y’urupfu rw’umwigeme, Mahsa Amini, w’imyaka 22 yerekanye ko yitavye Imana azize uburwayi. Itangazo ryasohowe n’ibitaro vyakoze amatohoza y’icamuhitanye rigira giti: “ Urupfu rwa Amini ntirwatewe n’ukuvirirana mu mutwe, canke kononekara kw’ibihimba vyiwe vy’irondoka n’ibindi bihimba vy’umubiri. Oya ! Rwatewe ahubwo ni igice co mu mutwe bigeze kumubagamwo ikivyimba afise imyaka umunani.”
Abavyeyi ba Nyakwigendera Amini yamara bitwariye abapolisi bemeza ko bamukubaguye vy’agahomeramunwa. Umwe muri bavyara biwe baba muri Iraki yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ati: “ Yahitanywe n’ukuva amaraso menshi mu mutwe inyuma yo guhohoterwa.”
Mahsa Amini yaguye mu gasho I Tehran ku murwa mukuru wa Irani igenekerezo rya 16 ukwezi kwa cenda. Yashengeye inyuma y’imisi itatu yamaze yatakaje ubwenge (ari muri koma). Polisi ijejwe kubahiriza ivy’imico yari yamuhagaritse imwagiriza kutitwikira neza nkuko idini rya Isilamu “ribitegeka mu gihugu ciwe”. Akimara gushengera, muri Irani hatanguye imyiyerekano y’urutavanako y’abemeza ko yazize ihohoterwa igipolisi camukoreye.
Iyo myiyerekano imaze indwi zitatu z'urutavanako yakajijwe mu bice bitadukanye vya Irani. Abaharanira agateka ka zina muntu muri Irani bavuze ko abarenga 90 ari bo bamaze kumenyekana ko bayiguyemwo, benshi mu bayikoze batatangajwe igitigiri batabwa muri yompi. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, rivuga ko abo rifise ivyemezo ko abajejwe umutekano biciye muri iyo myiyerakano ari 52, ariko rigashimika mu gusigura ko ata nkeka barenga aho.
Imyiyerekano y’ino ncuro ni yo myiyerekano ikomeye ibaye muri Irani muri ino myaka itatu iheze. Itororokaniririzo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika dukesha ino nkuru ryemeza ko rifise ama videwo yerekana polisi ya Irani iriko ikoresha inguvu mu guhangana n’abiyerekana. Ibi yamara AFP ivuga ko ata nguvu bica ababandanya gukora imyiyerekano yinjiye mu munsi wayo wa 22.
Irani mu mikenyero yafashe yo guhangana n’abiyerekana no gutangira uguhanahana amakuru y’ibibera muri iyo myiyerekano, harimwo kuzibira imbuga ngurukana bumenyi zose zirimwo Instagram na WhatsAp.