Igipolisi ca Irani cakoresheje imyuka ibabaza mu maso mu gushwiragiza abantu bari mu myiyerekano y’umubabaro w’urupfu rw’umukenyezi yapfiriye mu minwe y’igipolisi.
Uwo mukenyezi Mahsa Amini w’imyaka 22 yitavye Imana kw’itariki ya 16 z’uku kwezi kw’icenda. Ni inyuma y’aho igipolisi kimutaye muri yompi ku birego vy’uko yarenze ku mabwirizwa matagatifu ya Jihad. Abanyagihugu mu burengero bw’igisagara ca Sanandaj umurwa mukuru w’intara ya Kurdistan bihereje amabarabara ku ncuro ya kabiri ku musi w’Imana mu myiyerekano yerekeye urupfu rwiwe.
Amasanamu yafashwe n’abanyagihugu agashigwa ku mbuga ngurukana bumenyi, yerekanye umugwi w’abakenyezi bari mu myiyerekano bakura ibitambara vyo ku mutwe, abakenyezi b’abanyedini rya Islamu bambara, bongera baririmba bati “Urupfu ku mukuru w’igihugu akoresha agahotoro”. Ivyo bakaba babiririmba bavuga umukuru w’igihugu Ayatollah Ali Khamenei.
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu rya Hengaw rikurirkiranira hafi ibibera mu karere k’uburengero bwa Kurd, rivuga ko igipolisi carashe mu kirere, congera gikoresha imyuka ibabaza mu maso ku bari mu myiyerekano. Iryo shirahamwe rivuga kandi ko igipolisi cakoresheje imiringoti itera amazi mu gushwiragiza abantu bari mu myiyerekano.
Amakuru ava muri Sanandaj avuga ko abantu bashika kuri cenda bamaze gukomerekera muri yo myiyerekano. Ibaye inyuma y’imisi ibiri abaganga batangaje ko Amini yitavye Imana kw’itariki 16 z’ukw'icenda, aho baboneyeko ubwonko bwiwe butagikora.
Ababonye ifatwa ryiwe n’igipolisi, babwiye abamenyeshamakuru ko Amini yasa n’uwari yakubitiwe mu modokari y’igipolisi aho yari atwawe kw’ibihero.
Kuri uno musi wa mbere igipolisi ca Irani cavuze ko urupfu rwa Amini ari ikintu kibabaje kandi ko batipfuza ko ibintu nk’ivyo vyosubira kuba.
Facebook Forum