Uko wahagera

Irani Yagiriza USA na Isirayeri Kuba Inyuma y'Imyiyerekano Yiyamiriza Iyicwa rya Mehsa


Abakoze imyiyerekano yiyamiriza iyicwa rya Mehsa
Abakoze imyiyerekano yiyamiriza iyicwa rya Mehsa

Umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yagiriza Reta Zunze ubumwe za Amerika na Israyeri kuba inyuma y'imyiyerekano yakwiragiye mu gihugu inyuma y'uko umupfasoni w'imyaka 22 yitwa, Mehsa Amini, apfuye ari mu minwe y'igipolisi mu kwezi guheze.

Iyo myiyerekano muri iki gihe iri mu ndwi yayo igira gatatu yarakandamijwe bikomeye n’igipolisi n’inteko zijejwe umutekano. Ibitigiri bitangwa na reta bimenyesha ko abamaze gupfa mu myiyerekano batari musi ya 14 mu gihe abamaze guhagarikwa ari 1.500. Ni mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko abatari musi y’i 130 bamaze kwicwa mu gihe abandi ibihumbi n’ibihumbi bahagaritswe.

Umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yatangaje uno musi ku wa mbere ko urupfu rw’umupfasoni Mahsa Amini rubabaje. Igipolisi kijejwe kwubahiriza imico ya kiyislamu cahagaritse Mahsa Amini ku murwa mukuru, Teherani kimwagiriza ko atariko akwikiriza amabwirizwa y’idini rya kiyislamu y’ukwifuka igitambara mu mutwe. Yapfiriye mu bitaro imisi itatu inyuma yuko agiye muri koma.

Reta ya Irani yatangaje ko yahitanywe n’indwara y’umutima. Umuryango wiwe wariyamirije ivyatangajwe na reta ku rupfu rwiwe mu kuvuga ko ata bibazo vy’umutima yari afise, ko ahubwo yakubiswe. Wasavye ko abakoze ubwo bubisha babibazwa.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baragize imyiyerekano mu bihugu bitari bike ku musi w’Imana kugira biyamirize ikandamizwa rikorwa na reta ya Irani ku bari mu myiyerekano muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG