Sentare ya EAC Yemeza ko Manda ya 3 ya Nkurunziza Yahonyanze Ibwirizwa Nshingiro

Umuhisi Petero Nkurunziza

Sentare y’iyungururizo y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yarafashe ingingo yemeza ko igenwa n’ikiringo ca gatatu ca nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza w’Uburundi vyarahonyanze amasezerano agenga uwo muryango, n’amategeko agenga Uburundi harimwo n’ibwirizwa nshingiro.

Iyo sentare y’akarere ka EAC yerekana ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi yakoreye ku bishobibisho mu kwemeza ko Nyakwigendera Nkurunziza yitoza Mu mwaka w’2015. Isigura ko iyo ngingo yatumye mu gihugu haduka indyane zahitanye ubuzima bw’abantu.

Iyi ngingo yari yagizwe ibanga hafi umwaka wose, Ijwi rya Amerika ryayihawe na kimwe mu bisata vya EAC. Ku bw’amashirahamwe yigenga mu karere yari yitwaye mu mwana w’2015, ni intsinzi kuri demokarasi n’aho ije ibintu vyaramaze kuyangara. Aya mashirahamwe asaba bene izo sentare kuja zirafata ingingo hakiri kare amazi atararenga inkombe.

Urubanza rujanye n'ikiringo ca gatatu c'Umuhisi Nkurunziza rwari rumaze imyaka 7 muri sentare y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, EAC. Ruje kuvuguruza igisata ca mbere c’iyo sentare cari cerekanye ko ata bubasha gifise bwo gusuzuma ingingo iba yafashwe n’inzego zo hagati mu bihugu nka sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ari nayo yahaye ububasha Nyakwigendera Perezida Nkurunziza bwo kwitoza.

Yamara, ingingo ya 97 y’urwo rubanza rwasomewe mu mpisho mw’iyungururizo ivuga iti: “Twebwe abacamaza, tumaze guca hirya no hino urwaciwe na sentare ya mbere mu mwaka w’2019, n’impari zakurikiye dusanga sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi yarahonyanze ingingo za 5, 6, 7, 8 z’amasezerano y’umuryango wa EAC. Gutyo ko n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’ayandi mategeko vyahonyanzwe”.

Izo ngingo ziri mw’itegeko rishiraho EAC zishimikira ku mahame ya politike, demokarasi, intwaro rusangi n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Urwo rubanza rwasomewe I Bujumbura, italike 25 z’ukwezi kwa 11 umwaka uheze.
Ni urubanza rusomwe inyuma y’imyaka 7, ndetse n’ikiringo kivugwamwo caraheze, igihugu gifise ubutegetsi bushasha.

N’aho biri uko, abanyamategeko bemeza ko ingingo nk’izo zifise insiguro. Umunyamategeko Dieudonne Bashirahashize ari mu bashingwamanza bakurikiranye urwo rubanze, ndetse ari no mu runani rw’amashirahamwe y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yitwaye, akanunguruza urubanza yabisiguriye Ijwi ry'Amerika. Fyonda hasi wumve insiguro ziwe mu nkuru y'Umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Sentare ya EAC Yemeza ko Manda ya 3 ya Nkurunziza Yahonyanze Amategeko

Ijwi rya Amerika ryashatse kumenya igituma ivyavuye muri urwo rubanza bitigeze bija ahabona. Umwe mu bakozi ba sentare ya EAC yatubwiye ko ari kubera rwasomewe I Bujumbura, Uburundi akaba ari bwo bwabwirizwa kurushira ahabona. Yongerako ko iyindi mvo ari uko urwo rubanza rwasomwe iyo sentare isigaye itwarwa n’Umurundi, ko vyari bigoye ko ruja ahabona.

Ijwi rya Amerika ryabajije uwutwara sentare ya EAC Nestor Kayobera ico avuga kuri iyo ngingo, na we yishura ko ataco abivugako kuko atakiburanira igihugu kimwe ahubwo ko ubu atwara sentare y’ibihugu 7. Amashirahamwe yigenga yoyo abona ko urwo rubanza ruje kwerekana ko hari abandi bari bakwiye gukurikiranwa ku caha co gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015.

Ico bikoze, Umucanza Geoffrey Kiryabwire aturuka mu Buganda, Sauda Mjasiri aturuka muri Tanzaniya na Anita Mugeni w’umunyarwanda basomye urwo rubanza barerekanye ko rugoye gushira mu ngiro. Ingingo ya 98 igira iti : “Urubanza ni nk’aho ruteye impari kandi rusinziriye, bitumwe n’uko ico kiringo caheze, igihugu kikaba gifise izindi nzego, ndetse n’umukuru w’igihugu avugwamwo Petero Nkurunziza akaba yaritavye Imana. Ariko bigaragaza ingene higeze kubaho inzego zari ziteye kubiri n’amasezerano ya Arusha”.

Urwo rubanza ni rumwe mu zari zimaze ikiringo kinini muri sentare ya EAC, imyaka 7. Izo mpari zadutse zatumye abantu barenga ibihumbi 400 bahunga Uburundi mu mwaka w’2015, ubu hafi igice bakaba bamaze gutahuka mu gihugu c’amavukiro.