Reta y’Uburundi idafise amafranga y’ugutegura amatora yo mu mwaka w’i 2020 izotuma amakomini 119 agize igihugu ahiganwa mu gutoza amafranga abanyagihugu nk’uko vyatangajwe n'itorokanirizo ry'amakuru ry'Abafransa, AFP.
N’ intambwe ikwirikira mu gikorwa c’ugutororokanya amafranga agenewe amatora yo mu mwaka w’i 2020 catunganjwe mu kwezi kw’icucmi na kabiri mu mwaka w’i 2017. Uwo mugambi watangajwe na Reta nk’uwutari uw’agahato. Yamara amashirahamwe aharanira agateka ka muntu arawiyamiriza mu kuvuga kw’ ari ubusuma bwateguwe na Reta.
Abakwirikirana ibintu bavuga kw’ abantu bahagarikwa, batabwa mu mvuto, bakanafatwa bunyamaswa, ntibaronswe imfashanyo hamwe n’iiingi migambi reta ifashisha abanyagihugu,harimwo n’ivyerekeye kwivuza mu gihe baterekanye igitansi c’uko batanze iyo ntererano y’amafranga isabwa. Iyo ntererano ifatira ku mafranga abantu baronka.
Mu ndwi iheze prezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza yaratangaje ko gushika ubu Reta imaze gutororokanya ibice 70 kw’ijana vy’amafranga akenewe mu matora yo mu mwaka w’i 2020.
Umushiakiranganji w’intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye avuga ko kw’uguhiganwa hagati y’intara n’amakomine bigize Uburundi ari bumwe mu buryo Reta yakoresheje kugira itororokanye amafranga yose ashoboka mu banyagihugu.
Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyahagaritse imfashanyo igenewe amatora mu mwaka w’i 2015 igihe Uburundi bwaja mu ruhagarara. Hari inyuma y’uko Prezida Nkurunziza yitoje mu kiringo kigira gatatu.
Prezida Nkurunziza yiyemeje mu nyuma y’aho kutazera ku bihugu vyo mu mahanga, mu gikorwa c’ugutororokanya amafranga agenewe amatora yo muri kazoza mu gihugu. Yamenyesheje kw’ayo mafranga azova mu banyagihugu.
Facebook Forum