Uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino kuva kuri uyu wa kane mw'ijoro araye ijoro ryiwe rya mbere mw'ibohero rikuru rya Mpimba mu Burundi, inyuma y'imisi indwi yari amaze afungiwe mu gasho k'igipolisi.
Fabien Banciryanino yumviririjwe muri parake ya Republika ya komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Yinjiye muri sentare nk’igihe c’isaha icenda n’iminota 25 nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yari ahari yabiribwiye. Yireguye kugeza hafi isaha cumi na zibiri z’umugoroba maze ingingo yafatiwe ayimenyeshwa hafi sa moya. Yariko yunganirwa n’abashingwamaza babiri.
Abamenyeshamakuru ntibemerewe kwinjira kumviriza ivyo yagirizwa. Ariko basohotse, umwe mu bashingwamanza bamwunganira yabwiye itanganzamakuru muri make ko uwaburanira yagirijwe na parake ivyaha birimwo « Imigumuko, ukwagiriza abantu ibinyoma hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu ».
Umucamanza yaciye afata ingingo yo kumurungika mw’ibohero kugira abe arafunzwe ivy’agategekanyo. Abamwunganira bavuze ko ubu bataragera ikintu kinini babwira itangazamakuru kandi ko bataranamenya ibohero yarungitswemwo.
Amwe mu majambo yavuze akiri umushingamateka hagati y’umwaka wa 2015 na 2020 akurikiranwako Ijwi ry’Amerika ryayakozeko mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Hariko hemezwa integuro y’itegeko yemeza nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza kuba « Imboneza yamaho yo kuzirikana igihugu ». Iri teka canke iki cubahiro nta wundi mukuru w’igihugu n’umwe yari bwabihabwe mu Burundi harimwo n’umuganwa Louis Rwagasore yari aheruste kwakwa no kwitirirwa « Ikibuga mpuzamakungu c’umupira w’amaguru » yari yitiriwe kuva Uburundi buronka intahe yo kwikukira muri 1962 yazize.
Uwo musi umushikiranganji w’ubutungane w’ico gihe Aimee Laurentine Kanyana yariko asigura icatumye Leta ishima integuro yakozwe n’abashingamateka 13 bo mu mugambwe CNDD FDD bari barongowe na Zenon Ndaruvukanye ari mu nararibonye z’uwo mugambwe Nkurunziza yarabereye umukuru w’urwego rwazo n’imboneza yamaho muri wo.
Uwo mushingamateka yasasa nk’uwigenga inyuma yaho urunani « Amizero y’Abarundi » yitojemwo rusesewe yavuze aho guhabwa iryo teka, umukuru w’igihugu yari akwiye kujanwa imbere y’ubutungane kubera ibituma yasiguye birimwo ubwicanyi bwibonekeje ku ntwaro yiwe n’Abarundi bahunze igihugu.
Mw’ikete yanditse ku wa kabiri w’iyi ndwi, Fabien Banciryanino yasavye umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu gukurikirana iyi dosiye amwibutsa ko ivyaha akurikiranwako vyo « gutuka, gucafuza no kugambanira umukuru w’igihugu » bitagira ishingiro.
Uku ni ko abisigura agira ati « Ivyo maze kubazwa vyose kuva mfatwa ku musi wa gatanu vyerekeye amajambo navugiye mu bikorwa vy’inama nshigamateka hagati y’umwaka wa 2015 na 2020. Muri ico gihe ndemera ko nashikirije ibintu vyinshi mu nama za bose ariko biri kure y’ugukerengera akarimbi umuntu n’umwe, turetse umukuru w’igihugu mfitiye icubahiro cinshi cane kubera amabanga y’ikirenga afise »
Ingingo za 41 na 155 z’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi zivuga ko ata mushingamateka akurikiranwa ku majambo ashikiriza mu nama ya bose hamwe n’iya 13 y’amategeko ngenderwako y’inama nshingamateka. Bishika gusa mu gihe ivyavuze uwo mwanya nyene ikibiriraho bifashwe nk’ibibangamira abantu maze agakurikiranwa ubutarariye.
Fabien Banciryanino yari afungiwe mu gasho ka komisariya ya polisi ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ahasanzwe aba kuva ku musi wa gatanu uheze. Imbere y'uko aja kumvirizwa n'umucamanza yari yandikiye umukuru w'umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu amumenyesha ko ariko ararenganywa.
Muri iryo kete, yasigura ko ivyo yashikirije akiri umushingamateka atobikurikiranwako ubu na rirya yabivugiye mu nama ya bose mu makoraniro y'abashingamateka kandi ko ata mushingamateka akurikiranwa ku majambo yavugiye mu nama ya bose kiretse iyo habaye ivyaha vy'ikibiriraho.
Facebook Forum