Perezida Zelenskyy Yagiriza Uburusiya Guteza Inzara muri Afrika

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy agendera igisagara co mu bumanuko Mykolaiv, mu gihe ibitero n'Uburusiya bibandanya, kw'itariki ya 18/06/2022.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yagirije Uburusiya kuzibira ingano zirungikwa ku mugabane wa Afrika kandi ari bwo butuma ibiciro vy’ibifungurwa biduga kuri uyo mugabane.

Mw’ijambo yashikirije abakuru b’ibihugu vya Afrika kuri uyu wa mbere akoresheje ubuhinga bwa videwo, Perezida Zelenskyy yavuze ko Ukraine iri mu biganiro vyo ku rwego rwo hejuru n’impande zitandukanye kugira bagerageze kuziburura ibivuko vya Ukraine. Ariko yemeza ko ibi biganiro ata mwimbu ushimishije biratanga, ku buryo ikibazo c’ikena ry’ibifungurwa kizobandanya mu gihe cose intambara izomara.

Uburusiya burahakana kugira uruhara mu kuzibira ingano ziva muri Ukraine, bukavuga ko ibihano bwafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ari vyo vyatumye ibiciro vy’ibifungurwa vyiyongera kw’isi.

Ku rubuga rw’intambara, imirwano yakomeye kuri uyu wa mbere mu ntara ya Luhansk iri mu buseruko bwa Ukraine. Abarwanyi biyonkoye bashigikiwe n’Uburusiya bemeje ko bafashe igisagara ca Toshkivka, ubumanuko bw’igisagara Sievierodonetsk.

Perezida Zelenskyy aragabisha ko muri iyi ndwi Uburusiya bugiye kugaba ibitero bikomeye. Muri iyi ndwi kandi abategetsi ba Buraya bariko barararaba nimba boshigikira kandidatire ya Ukraine mu bumwe bwa Buraya.

Komisiyo y’ubumwe bwa Buraya mu ndwi iheze yemeje ko Ukraine ihabwa kandidatire muri uyo muryango. Ibihugu 27 vyo vyo muri uyo muryango bigiye kuganira kuri iki kibazo bongere batange amajwi yabo mu nama yok u musi wa kane n’uwa gatanu. Mu gihe Ukraine yokwemererwa kandidatire, kwinjizwa muri uyo muryango kwayo vyofata imyaka itari mike.

AP, Reuters, na AFP