Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yavuze ko igihugu ciwe citeze ko Uburusiya bwongereza ibitero muri ino ndwi abategetsi b’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya biteguriye kwerekana aho bahagaze mu vy’ukwemera igihugu ciwe kwinjira mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya.
Mw’ijambo yashikirije ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu, Prezida wa Ukraine yagize ati: “Uburusiya ntibuzosomborotsa Ukraine gusa, buzokwigenza no ku bihugu bigize umuryango w’Ubumwe bwa Buraya. Turavyiteguriye. Turagabishije abafatanyabikorwa bacu.”
Bitegekanijwe ko ku wa kane no ku wa gatanu ibihugu 27 bigize Ubumwe bwa Buraya birimbura ubusabe bwa Ukraine bwo kwinjira muri uwo muryago. Mu gihe abategetsi b’ubumwe bwa Buraya boha amahirwe Ukraine yo kuba indorerezi mu kurindira ko yemererwa burundu kwinjira muri uwo muryango, intambwe zitandukanye zishikana burundu ico gihugu muri uwo muryango zishobora gufata imyaka myinshi.
Tukivuga ku vya Ukraine, Umushikiranganji ajejwe ubutunzi muri Amerika na mugenzi wiwe wo muri Canada kuri uno wa mbere barahura mu nama ija kubera mu gisagara ca Toronto. Bitegekanijwe ko bihweza ingene bobandanya kwotsa igitutu Uburusiya, biciye mu bihano vy’ubutunzi. Abo bategetsi baraja no kurabira hamwe icokorwa kugira ingaruka zatewe n’intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine zigabanuke mu makungu. Baraza kandi kurabira hamwe ingene ibiciro vy'ibitoro vyogabanuka.
Hagati aho, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg, yatangaje ko intambara y’Uburusiya na Ukraine ishobora kuzomara imyaka myinshi. Jens asaba ko uko biri kose amakungu yobandanya gushigikira Ukraine naho bizoyasaba ikiguzi kinini. Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza we asanga Ukraine ishobora kudehukirwa ku rugamba.
Facebook Forum