Uko wahagera

USA Isaba Uburusiya Gufata Neza Abanyamerika Bwafatiye muri Ukraine


Abakukuruke b'abanyamerika Alexander Drueke, na Andy Tai Ngoc Huynh, bafatiwe n'Uburusiya muri Ukraine bariko bafasha mu ntambara ku ruhande rwa Ukraine
Abakukuruke b'abanyamerika Alexander Drueke, na Andy Tai Ngoc Huynh, bafatiwe n'Uburusiya muri Ukraine bariko bafasha mu ntambara ku ruhande rwa Ukraine

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yasavye Uburusiya gufata neza abakorerabushake b’abanyamerika bwafashe bariko bararwana ku ruhande rwa Ukraine.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire, Ned Price, yavuze ko abo banyamerika ari abanyororo bo mu ntambara kandi bakwiye kwubahirizwa nk’ikiremwa muntu.

Price yavuze ko hari umunyamerika agira gatatu yaburiwe irengero muri Ukraine. Yiyongereye ku bandi basirikare babiri bakukurutse bafashwe n’Uburusiya ku rugamba muri Ukraine mu ndwi iheze.

Imiryango ya Alexander Drueke na Andy Huynh hamwe n’abashingamateka muri Congres ya Amerika, bavuze ku musi wa gatatu ko abo banyamerika babiri batarasubira kuvugana n’imiryango yabo kuva mu ndwi iheze. Bavuze kandi ko bariko barwana ku ruhande rwa Ukraine hafi y’urubibe rw’Uburusiya.

Reta ya Perezida Joe Biden yavuze ko Amerika ata basirikare yarungitse kurwanya Uburusiya. Yasavye abanyamerika kwirinda kuja mu bice birimwo intambara muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG