Prezida wa Ukraine Yipfuza Inama Imuhuza na Prezida w'Uburusiya

Ifoto ya Prezida w'Uburusiya n'uwa Ukraine

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko abantu batanu bo mu gisagara ca Odesa ari bo bahitanywe n’ibisasu vya roketi bitandatu Uburusiya bwateye ejo ku wa gatandatu ku kigo ca gisirikare n’inyubakwa zo kubamwo zibiri.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya we yamara yavuze ko igihugu ciwe cateye misile “zo gusambura ahari ububiko bw’ibirwanisho Ukraine yarungikiwe n’Amerika n’Ubumwe bwa Buraya”.

Ivyo bitero bibaye mu gihe vyitezwe ko Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy agirana umubonano n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, hamwe n’uwujejwe ukwivuna abansi, Lloyd Austin.

Abo bategetsi baza guhurira ku murwa mukuru wa Ukraine i Kyiv. Nta ruhande na rumwe rwatangaje ivyo baza kuvugana. Mu yindi mibonano yitezwe hagati ya Ukraine n’ibindi bihugu muri iki gihe intambara y'Uburusiya na Ukraine ibandanya, harimwo umubonano umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, azogirana na Prezida wa Ukraine. Vyitezwe ko Guterres ahura ku wa kabiri kandi na Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin.

Hagati aho, prezida wa Ukraine yongeye gusaba inama yo guheza intambara yomuhuza na prezida w’Uburusiya Vladimir Putin.