Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Uburusiya Bugatsinda Intambara Buzoca Butera Ibindi Bihugu


Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy

Ukraine itangaza ko iriko iragerageza guhungisha abana, abagore n’abageze mu za bukuru baheze mu gisagara ca Mariupol kigenzurwa n’Uburusiya. Icegera c’umushikiranganji wa mbere muri ico gihugu mu butumwa yacishije kuri Telegram, yavuze ko muri rusangi abaheze muri ico gisagara bakabura aho baca mu guhunga bivuye ku ngabo z'Uburusiya zabazibiye bagera ku bihumbi 100.

Hagati aho, prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yaraye yemeje ko ari nka hamwe Uburusiya bwotsinda intambara bwatanguje muri Ukraine butazoteba kuvogera no gutera ibindi bihugu. Zelenskyy yagize ati: “ Nabivuze kenshi, ugutera Ukraine kwabaye nk’ukugerageza intango”.

Ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika vyatangaje ko umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lloyd Austin, igenekerezo rya 26 uku kwezi azoja mu Budagi mu nama yo kurabira hamwe icokorwa ngo Ukraine ikingirwe. John Kirby ajejwe gutanga amakuru muri Pentagon yavuze ko ibihugu 40 ari vyo Amerika yatumiye muri iyo nama. Muri ivyo bihugu, harimwo ibiri mw’ishirahamwe NATO n’ibitari muri iryo shirahamwe.

Mu yindi mibonano yitezwe ku kibazo ca Ukraine, harimwo inama umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress azogirana mu ndwi iza na Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin i Moscow ku murwa mukuru w’Uburusiya co kimwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu. Guteres avuye i Moscow azoca aja muri Ukraine kubonana na Prezida Zelenskyy hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG