Uburusiya kuri uyu wa kane bwafatiye ibihano icegera ca perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Facebook, Mark Zuckerberg hamwe n’abandi bategetsi batari bake ba Amerika na Canada. Ni mu kwihora ku bihano vyafatiwe Uburusiya kubwo gutera Ukraine.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwavuze ko ibi bihano bibuza ababifatiwe ingendo mu Burusiya. Vyafatiwe abanyamerika 29 hamwe n’abanyecanada 61, bagizwe n’abategetsi bo mu kwivuna abansi, abikorera utwabo hamwe n’abamenyeshamakuru muri ivyo bihugu bibiri. Ibi bihano kandi ngo ntibizigera bivanwaho.
Ubwo bushikiranganji bwavuze ko uru rutonde rugizwe n’abagaragaje poritike y’urwanko ku Barusiya muri ivyo bihugu bibiri.
Amerika hamwe n’ubumwe bwa Buraya barafatiye ibihano abarusiya batari bake barimwo Perezida Vladimir Poutine, abakobwa biwe hamwe n’abagwizatunga bamwegereye cane babonwa ko ari kirumara ku butegesi bw’Uburusiya.
Mu bategetsi b’ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi ibi bihano vyatumbereye harimwo umuvugizi wabwo John Kirby hamwe n’icegera c’umushikiranganji wabwo, Kathleen Hicks.
Muri Canada umutegetsi aza kw’isonga ni Cameron Ahmad, umuyobozi wo kumenyeshamakuru mu biro vy’umushikiranganji wa mbere Justin Trudeau, hamwe n’umukomanda w’inteko zidasanzwe za Canada, Steve Boivin.
Uburusiya bwarahagaritse imbuga huriro Facebook na Instagram, za Mark Zuckerberg. Bwazise “Amashirahamwe yigisha amacakubiri”.
Facebook Forum