Reta zunze ubumwe za Amerika yafashe ingingo yo kutazosubira kugurira ibitoro na Gaze mu Burusiya. Perezida Joe Biden yavuze kuri uyu wa kabiri ko iyi ngingo izoshira hasi inguvu z’igisirikare c’Uburusiya mu gihe kibandanya ibitero kuri Ukraine.
Iyi ngingo yiyongereye ku rundi rukurikirane rw’ibihano vyaciye mu mategeko ya perezida agamije gutururuza Perezida Vladimir Poutine. Muri iyi ngingo, umunyamerika wese azoshinga imitaho mu gisata c’amasoko ntanganguvu mu Burusiya azofatirwa ibihano na Amerika.
Mu mwaka uheze, Reta zunze ubumwe za Amerika yaranguye utugunguru tw’ibitoro hafi 700.000 ku musi, mu gihe Uburaya bwagurira Uburusiya utugunguru tungana imiriyoni 4.5 buri musi.
Perezida Biden yavuze ko Amerika yimbura ibitoro vyinshi ku butaka bwayo kuruta ibihugu vyose vya Buraya bishizwe hamwe.
Ibihugu bihurikiye mu kigo mpuzamakungu kigenzura ivy’amasoko ntanganguvu vyemeranije kuzoza biratanga utugunguru tungana imiriyoni 60 mu bitoro bifise mu bubiko. Amerika yemeye kuzoza irasohora ica kabiri c’iki gitigiri.
Perezida Biden yama ashimika ko ata mugambi afise wo kurungika abasirikare ba Amerika muri Ukraine, ariko ko ibi bihano bikomeye kandi bizoshira hasi Perezida Poutine.
@ Reuters
Facebook Forum