Burkina Faso: Roch Christian Kabore Yasubijwe mu Rugo Iwe

Roch Marc Christian Kabore yahoze ari perezida wa Burkina Faso

Uwahoze ari perezida wa Burkina Faso, Roch Marc Christian Kabore, aheruka gukurwa ku butegetsi biciye muri kudeta yakuwe mu nzu yari afungiwemwo icamaso ashirwa iwe ku murwa mukuru Ouagadougou.

Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, yavuze ko reta irongowe n’abasirikare yemeje ko asubira ku muhana iwe inyuma y’ibiganiro vyamaze indwi zitatu.

Umugambwe wiwe, le Mouvement du Peuple pour le Progres washimye iyo ngingo wongera ushimira abagize uruhara bose muri uko kurekurwa kwiwe. Ariko uwo mugambwe wavuze ko irekurwa rya Kabore ritamuha umwidegemvyo wose nk’uwahoze ari perezida w’igihugu.

Kabore yakuwe ku butegetsi kw’itariki ya 24 y’ukwa mbere n’abasirikare b’abofisiye. Bamwagiriza ko yananiwe kurwanya imirwi y’abajihadiste imaze kwica abantu bashika 2.000 n’abandi umuriyoni 1.8 bahunze igihugu.