Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa mbere ko yirukanye Abarusiya 12 bo mu murwi w’abadiplomate b’Uburusiya bakorera ku cicaro ca ONU i New York. Amerika ibagiriza kuba bagiye mu bikorwa vyo gusuma urusaku muri Amerika.
Umuvugizi w’umurwi w’abanyamerika bari muri ONU, Olivia Dalton, yavuze ko abasabwe kuva muri Amerika barenze ku burusho bahabwa bwo kuba muri Amerika baja mu bikorwa bibangamiye umutekano wa Amerika. Yavuze kandi ko iyi ngingo Amerika yayifashe ivyemerewe na ONU.
Ambasaderi w’Uburusiya muri ONU, Vassily Nebenzia yabwiye abamenyeshamakuru i New York ko abo Barusiya 12 bategetswe kuzoba baravuye muri Amerika kw’itariki ya 7 y’ukwa gatatu. Yanse kwemeza canke guhakana nimba na we ari muri abo basabwe gutaha.
Uburusiya bufise abakozi hafi 100 bakorera ku cicaro ca ONU, nkuko amakuru ava muri ambasade y’Uburusiya abivuga.
Ambasaderi w’Uburusiya i Washington yavuze kuri uyu wa mbere ko kwirukana abo barusiya 12 ari igikorwa cerekana urwanko. Anatoly Antonov yanditse ku rubuga huriro Facebook, ko Uburusiya bubabajwe n’iyo ngingo kandi bwamiriye kure ivyo Amerika ibagiriza.
@AFP