Amerika Isaba Imiryango y'Abakozi ba Ambasade Yayo kuva muri Ukraine

Ingenzi ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Boryspil , hanze y'umurwa mukuru wa Ukraine Kyiv, kw'itariki ya 15/06/2020.

Reta zunze ubumwe za Amerika yasohoye itegeko risaba imiryango y’abadiplomate bayo bari i Kyiv ku murwa mukuru wa Ukraine kuva muri ico gihugu. Amerika ivuga ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine umwanya uwo ari wo wose. Ibi vyavuzwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu w’Imana.

Amerika kandi yatanze uburenganzira ku bakozi ba ambasade badakenewe cane kuvayo ku bushake bwabo yongera ihanura abanyamerika bari mu karere ko mu buseruko bwa Buraya kuvayo ubu nyene. Yavuze ko itazobasha kubakurayo igihe ruzoba rugeranyeko Uburusiya bwinjiye muri Ukraine.

Uburusiya bufise ibihumbi vy’abasirikare ku rubibe na Ukraine, n’ibiduga vya blinde, imodokari z’intambara, ibikoho vya muzinga na za misile.

Umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire yarushirije kuvuga igabisha rya perezidanse ya Amerika, White House ko Uburusiya bushobora gutera umwanya uwo ari wo wose.

Uburusiya burahakana uwo mugambi wo gutera Ukraine ahubwo busaba ishirahamwe OTAN guhagarika ibikorwa vyaryo mu karere k’ubuseruko no hagati bwa Buraya. Uburusiya kandi bubandanya busaba OTAN kudahirahira ngo ryinjize Ukraine muri uyo muryango.