Uko wahagera

Perezida Macron Asaba Abanyaburaya Kutaguma Bizeye Ubufasha bwa Amerika


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo ina nshingamateka ya Buraya i Strasbourg, mu buseruko bw'Ubufaransa. Kw'itariki ya 19/01/2022
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo ina nshingamateka ya Buraya i Strasbourg, mu buseruko bw'Ubufaransa. Kw'itariki ya 19/01/2022

Akamo katewe na perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron gasaba abanyaburayi kwitunganiriza ukwabo ibiganiro n’Uburusiya kateye ubwoba n’amakenga. Ibihugu vyo mu burengero bw’isi bivuga ko bishobora gucanamwo kuco bokora mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine.

Perezida Macron ntarashobora kwumvisha ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya ko ari ngombwa ko Uburaya bwifatira umutekano w’akarare barimwo mu minwe, bakareka guhanga amaso cane kuri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Mw’jambo yashikirije abashingamateka ba Bulaya ku musi wa gatatu, Perezida Macron yasavye ko uyo muryango wiganirira ukwa wonyene n’Uburusiya ku mahoro n’umutekano mu karere. Iri jambo ryarashimwe cane n’ikimenyeshamakuru cegukira reta y’Uburusiya.

Ariko bamwe mu bakuru b’ibihugu vyo mu Buraya bwo hagati bavuga ko ivyavuzwe na Perezida Macron bihamagarira Uburusiya gukina umukino wo gucanishamwo Amerika n’Uburaya.

Abadiplomate b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bavuze ko perezida w’Ubufaransa atabagishije inama imbere yo gushikiriza iryo jambo. Kuri uyu wa kane, abategetsi bo hejuru mu muryango w’ubumwe bwa Buraya baremesheje Amerika ku vyavuzwe na Perezida Macron.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG