OMS: COVID-19 Izohera Incanco Zisangiwe ku Rugero Rungana kw'Isi

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, riragabisha ko ikiza ca COVID-19 kitazohera mu gihe hakiri ubusumbane mw’igabanganwa ry’incanco hagati y’ibihugu bikize n’ibihugu bikenye.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa mbere, umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko ata kimenyetso cerekana ko ico kiza kiriko kirazimangana vuba. Yavuze ko abantu barenga imiliyoni 3.3 batakaje ubuzima batwawe na Covid-19 mu 2021. Avuga ko abishwe n’iki kiza barenga abicwa na SIDA, Malariya n’igituntu bishizwe hamwe vyose.

Ibiharuro vyerekana ko igice ca kabiri c’ababa kw’isi cahawe urucanco rwa COVID-19, mu gihe ikindi gice kitaracandagwa. Abanyagihugu mu bihugu bitunze baronse incanco incuro 50 kuruta ababa mu bihugu bikenye.

OMS ivuga ko 10 kw’ijana vy’ababa muri Afrika bamaze kuronswa doze imwe y’urucanco rwa COVID-19, ugereranije na 64 kw’ijana muri Amerika y’uburaruko na 62 kw’ijana ku mugabane wa Bulaya.