Uko wahagera

OMS Ivuga ko Incanco Zihari Zishobora Kuba Zidakingira Neza Omicron


Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, rimenyesha ko incanco za Covid-19 zihari muri iki gihe zishobora kuba zidakora neza bihagije ku bwoko bushasha bwa Omicron.

Vyerekanywe n’ivyatohojwe vya mbere. Ishirahamwe OMS ritangaza ko ubundi bushakashatsi bukenewe kubera uburyo Omicron ishobora kuba inanirana ku ncandago zihari.

Gushika ubu abahinga mu vyerekeye indwara n’imigera bavuga ko naho ubwoko bwa Omicron bwandukira kurusha ubundi bwari buhasanzwe, ibimenyetso bihari gushika ubu vyerekeye ko ababwanduye bataremba cane.

Muri Afrika y’epfo, ubushakashatsi bwerekanye ko ari gake bishika ko ababwanduye baja mu bitaro umuntu abigereranije n’abanduye ubundi bwoko buhari.

Yamara Omicron yagiye ku rutonde rw’ubwoko bwa Covid-19 buteye impungenge zikomeye. Ni inyuma yuko ubundi bwoko bw’uwo mugera Delta bushizwe ubwa mbere kuri urwo rutonde mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka w’i 2021.

Ubwoko bwa Delta buracibonekeza cane mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Mu gihe ibihe vy’uburuhuko bwo mu mpera z’umwaka vyimirije, abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu bice bitandukanye vyo kw’isi bariko basaba abanyagihugu kwicandagisha. (Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG