Uko wahagera

OMS Ivuga ko Iriko Igerageza Incanco za Covid z'Ubundi Bwoko


Umukuru w'igisata ca OMS kijejwe siyanse, Soumya Swaminathan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro gikuru ca OMS i Geneve, mu Busuwisi
Umukuru w'igisata ca OMS kijejwe siyanse, Soumya Swaminathan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro gikuru ca OMS i Geneve, mu Busuwisi

Umukuru w’igisata ca OMS ca siyanse yavuze kuri uyu wa kabiri ko ariko arihweza ukuntu hobaho ubundi bwoko bw’urucanco rwa Covid-19, rushobora kuzotangwa rucishijwe mu mazuru mu gupompa canke urwocishwa mu kanwa.

Umukenyezi Soumya Swaminathan yavuze ko urucanco rwo muri ubwo bwoko rwokoroha kandi abantu borwiha bonyene ubwabo ugereranije no guterwa inshinge biriko birakoreshwa iki gihe.

Swaminathan yavuze ko hari incanco zo muri ubwo buryo 129 zimaze gutangura kugeragezwa, mu gihe izindi 194 zikiriko zirigwako mu ma laboratware.

Gushika ubu doze z’incanco za Covid-19 zirenga imiriyaridi 7 n’imiriyoni 25 ni zo zimaze guterwa abantu mu buryo bw’inshinge kw’isi hose nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ryabitohoje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG