Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS ritangaza ko Afurika ishobora kutazoshika ku mugambi w'ukuba yacandaze ibice 70 kw'ijana vy'abanyagihugu bayo mu mpera z'umwaka w'i 2024.
Ni umugambi ibihugu bitari bike bitunze kurusha ibindi kw’isi biza vyarashitseko nkuko vyatangajwe na OMS uno musi ku wa kabiri. Iyo nkuru itangajwe mu gihe amakungu ahanganye n’ibitigiri bishasha vy'abandura ikiza ca Covid-19 biriko biriyongera bikomeye cane bitewe n’ubwoko bushasha bw’uwo mugera bwa Omicron bwandukira cane.
Ibihugu bitunze kurusha ibindi kw’isi vyarihutiye kurekurira abanyagihugu bavyo kuronswa incanco za gatatu mu ntumbero y’ukwishura kuri ubwo bwoko bushasha bwa Omicron, naho ibiri musi y’ibice 8 kw’ijana vy’abanyagihugu muri Afrika ari bo bonyene bamaze kuronka incanco za kabiri.
20 ku bihugu 54 bigize umugabane wa Afurika ni vyo bimaze kuronsa incanco 2 ibice 10 kw’ijana vy’abanyagihugu bavyo. Umugabane wa Afurika umaze kuronka incanco zigera ku miliyoni 434. Ibihumbi 910 muri zo zarataye igihe mu bibugu 20. (AP)
Facebook Forum