Uko wahagera

Covid-19: Ubwoko Omicron Bugeze mu Bihugu 40 kw'Isi


Abanyagihugu bambaye udupfukamunwa mw'ibarabara Oxford Street i Londres mu Bwongereza. kw'Italiki ya 4/12/2021
Abanyagihugu bambaye udupfukamunwa mw'ibarabara Oxford Street i Londres mu Bwongereza. kw'Italiki ya 4/12/2021

Ubwoko bushasha bwa Corona bwiswe Omicron buramaze gukwiragira mu bihugu 40 kw’isi hamwe no mu mareta 16 kuri 50 agize Reta zunze ubumwe za Amerika. Ariko abategetsi bakuru mu gisata c’amagara y’abantu muri reta ya Amerika bavuze kuri uyu w’Imana ko bataramenya neza ubukari ubwo bwoko Omicron bufise kubabwanduye.

Dr. Anthony Fauci, umuhinga w’ingwara zandukira muri Amerika yavuze ko atawoshoka avuga vyinshi mu gihe bitaragaragara nimba abagwayi basinzikara canke badasinzikara babwanduye.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yarashizeho amategeko ku ngenzi zinjira muri Amerika n’indege ziva mu bihugu umunani vyo mu bumanuko bwa Afrika. Kuva kuri uyu wa mbere, abinjira muri Amerika basabwa kuba bafise ibipimo vya COVID-19 vyerekana ko batanduye, mu misi itatu imbere yo gufata urugendo.

Reta zunze ubumwe za Amerika imaze kuronka abarenga 784.000 bishwe na COVID-19 kuva uwo mugera utangura gutorwa mu gihugu, haraheze amezi 21. Ni co gihugu ca mbere kw’isi kimaze gutakaza abantu umurengera. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG