Abanyesudani Barasaba Intwaro ya Gisirikare Gukinjura

Abanyesudani mu myiyerekano yiyamiriza reta y'abasirikare i Khartoum, muri Sudani.

Abanyesudani bihereje amabarabara mu gihugu cose, biyamiriza igisirikare cafashe ubutegetsi hamwe n’ico bita amasezerano asubiza ku butegetsi umushikiranganji wa mbere. Ariko bavuga ko bo bakumiriwe.

Abategetsi ba Sudani bari bafashe ingingo zo gukomeza umutekano ku murwa mukuru, Khartoum, no mu gisagara ca Omdurman. Bazibiye amabarabara ashika ku nyubakwa za reta n’iza gisirikare.

Iyi myiyerekano yo kuri uyu w’Imana, ibaye haheze imyaka itatu hatanguye imigumuko y’abanyagihugu yarangiye igisirikare ca Omar al-Bashir na reta yiwe y’abayisilamu ikuwe ku butegetsi mu 2019.

Abanyesudani bari muri iyo myiyerekano yo kuri uyu w’Imana basaba ikintu kimwe ko ubutegetsi busubizwa abasivile. Basaba umushikiranganji wa mbere guhitamwo kwiyunga n’abanyagihugu canke kuja ku ruhande rw’abajenerali bafashe igihugu. Ibi vyavuzwe na Mohammed Yousef al-Mustafa, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abakozi bo muri Sudani.

Kuva iyo myiyerekano itanguye, abantu 45 baramaze kuhasiga ubuzima abandi amajana barakomereka nkuko ibiharuro bitangwa n’abaganga bivyerekana.