Uko wahagera

Sudani: Abanyapolitike Bapfunzwe Batanguye Kwisonzesha


Abanyesudanyi bari mu myiyerekano barwanya intwaro y'igisirikari
Abanyesudanyi bari mu myiyerekano barwanya intwaro y'igisirikari

Abanyapolitike batari bake bahagaritswe inyuma ya kudeta yabaye muri Sudani mu kwezi guheze batanguye kwisonzesha mu ntumbero yo kwiyamiriza ipfungwa ryabo.

Vyatangajwe n’urunani barimwo uno musi ku wa gatanu. Mu batanguye kwisonzesha harimwo uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo mu biro kwa prezida, Khalid Omer Yousif, umutegetsi akomeye w’umugambwe, “Sudanese Congress Party”, SCP, mu mpfunyapfunyo, Sharif Mohamed Osman, n’umunyapolitike aza ubugira gatatu mu gihagararo muri uyo mugambwe, Jaafar Hassan.

Itangazo ryashikirijwe n’uwo mugambwe rivuga ko batanguye kwisonzesha kubera kubandanya gupfungwa kwabo mu buryo budaciye mu mategeko hamwe n’ukuba bataronswa uburengenzira bw’agateka ka muntu ngenderwako kuva kudeta ibaye kw’italiki 25 y’ukwezi kw’icumi kw’uyu mwaka.

Abashikiranganji hamwe n’abategetsi batari bake bakomeye b’abasivile baratawe mu mvuto inyuma ya kudeta yo mu kwezi guheze.

Bamwe muri bo bararekuwe kuva igisirikare gipfunditse amasezerano n’umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok kw’italiki 21 y’ukwezi kw’icumi na rimwe. Igisirikare camurekuye inyuma y’uko apfungiwe imuhira iwe, kimusubiza mu mabanga yiwe.

Ayo masezerano yategekanije ko abantu bose bapfunzwe ku mpamvu za politike, barekurwa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG