Uko wahagera

Sudani: Abiyerekana Baraye Basubiye Guhangana na Polisi


Abari mu myiyerekano muri sudani basubiye guhangana n'igipolisi ejo ku musi w'Imana ku murwa mukuru, Khartoum. Hari inyuma yuko umushikiranganji wa mbere yari yakuwe ku butegetsi Abdalla Hamdok ateye igikumu ku masezerano n'abayoboye abagize kudeta y'ugusubizwa mu mabanga yiwe.

Kubera ishavu ku vyerekeye ayo masezerano, abanyagihugu barihereje amabarabara y’umurwa mukuru, Khartoum mu myiyerekano.

Batangaza ko kubona Hamdok yemera kwicarana n’abicanyi ari uguhemukira revolisiyo n’abanyagihugu barondeye ko ibintu bihinduka mu gihugu.

Bamenyesha ko ibintu vyabereye mu mpisho bidaserukira abanyagihugu, canke ivyasabwe n’abanyagihugu vy'uko urwego rwose rw’igihugu rugizwe n’abasirikare ruyoboye igihugu rukurwaho kandi rudasubira kugira uruhara muri politike.

Umusurikiare mukuru muri Sudani, Jenerali abdel Fattah Burhan yayoboye abagize kudeta yatangaje kuri televiziyo ko Hamdok azoyobora urwego rwa reta rwigenga gushika amatora abaye.

Hisunzwe amasezerano yashitsweko, reta mfatakibanza iyobowe na Hamdodk izokwirikiranwa n’igisirikare. Ivyerekeye ububasha azoba afise ntibitomoye.

Kudeta yabaye haraheze ukwezi, Hamdok akaba yapfungiwe i muhira iwe kuva ico gihe. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG