Amakungu Arega Reta ya Etiyopiya Guhagarika Abantu Atabibagira

UN High Commissioner for Human Rights Michelle Bachelet

Ibihugu bitandatu birimwo Reta zunze ubumwe za Amerika bivuga ko bihangayikishijwe n’amakuru avuga ko reta ya Etiyopiya ifunga abantu ikivunga hisunzwe ubwoko kandi atabibagira bitangazwa.

Reta ya Etiyopiya ivuga ko abo ifunga bakekwa gufasha abarobeli b’umuhari TPLF bo mu ntara ya Tigre.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu arimwo ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu, Amnesty International hamwe na komisiyo ya Etiyopiya ijejwe agateka ka muntu bavuze ko abo mu bwoko bw’abo muri Tigre bahagarikwa ku bwinshi. Abo barimwo abavugabutumwa b’aba Orthodox, abageze muzabukuru, abakenyezi bafise abana.

Ayo mashirahamwe avuga ko abanyetigre bafatwa bagafungwa atakibagira kandi bafunzwe bunyamaswa.

Ibihugu bitandatu vyateye umukono kuri iryo tangazo ni Reta zunze ubumwe za Amerika, Ostraliya, Ubwongereza, Canada, Danemarke n’Ubuholande.

Ivyo bihugu vyavuze ko uburyo bwa gisirikare atari yo nyishu y’intambara. Basavye abari ku rugamba bose guhagarika intambara bongera basaba inteko za Eritreya kuva muri Etiyopiya.

Associated Press, Reuters.