Uko wahagera

USA Ihangayikishijwe n'Intambara Ishobora Kuburizamwo Ibiganiro muri Etiyopiya


Umugabo mu mwambaro w'igisirikare mu myiyerekano i Addis Abeba, muri Etiyopiya, kw'italiki 7/11/21 bashigikira inteko za reta
Umugabo mu mwambaro w'igisirikare mu myiyerekano i Addis Abeba, muri Etiyopiya, kw'italiki 7/11/21 bashigikira inteko za reta

Intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Etiyopiya kuri uyu wa kabiri yavuze ko hari intambwe ziza ziriko ziraterwa ku rwego rwa kidipolomasiya kugira reta Etiyopiya n’abarobeli bo mu ntara ya Tigre bayirwanya bumvikane. Ariko avuga ko utwo twigoro dushobora kuba impfagusa no gusubizwa inyuma n’iyongerekana ry’intambara.

Jeffrey Feltman, intumwa ya Amerika mw’ihembe rya Afrika aheruka muri Etiyopiya mu ndwi iheze, ari kumwe na mugenzi we w’ubumwe bwa Afrika, Olusegun Obasanjo, mu kugerageza gufasha ko haba amasezerano yo guhagarika imirwano.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yariyemeje ejo ku musi wa mbere kuja ku rugamba kuyobora inteko ziwe ziriko zirwanya abarobeli.

Intambara hagati y’inteko za reta hamwe n’umuhari TPLF, zariyongeye kandi zisa n’izegereza umurwa mukuru Addis Abeba, ku buryo ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyasavye abanyagihugu bavyo gutekera bakava muri ico gihugu.

Izi ntambara zimaze guhitana ibihumbi vy’abantu hamwe n’abarenga imiriyoni zibiri bataye ingo zabo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG