Uko wahagera

TPLF Yagirizwa Gufata Abagore ku Nguvu Imbere y'Abana Babo


Bamwe mu Bapfasoni bo muri Etoyopiya
Bamwe mu Bapfasoni bo muri Etoyopiya

Abapfasoni bo mu ntara ya Amhara muri Etiyopiya bagiriza abarwanyi ba TPLF ko babahohotera bikabije. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, mu cegeranyo caryo gishasha rivuga ko abapfasoni barihaye ubuhamya bemeje ko abarwanyi ba TPLF babafata ku nguvu rimwe na rimwe babafatiyeko inkoho.

Abagore 16 babajijwe na Amnesty bavuze ko mu gufatwa ku nguvu bakorerwa ivya mfurambi mu kivunga, bakabwirwa amajambo mabi, akomeretsa arimwo n’ibitutsi bishingiye ku bwoko. Raporo ya Amnesty irabandanya ikavuga ko abarwanyi ba TPLF banasenyaguye amavuriro y’ahitwa, Nifas Mewcha, abo bapfasoni basanzwe baba.

Bamwe mu bagore bavuganye n’iryo shirahamwe bavuga ko bafashwe ku nguvu abana babo barorera. Amnesty ivuga ko abo yashoboye kumenya bakorewe amabi ateye agahinda ari hagati ya 71 na 73.

Igisata c’Ijwi ry’Amerika mu rurimi rw’iki Amharic naco nyene carakoreye kuri iki kibazo: Umuvyeyi w’imyaka 50 yavugiye kuri micros za VOA muri Amhara yavuze ko umurwanyi wa TPLF yamusanze ku muhana iwe amutera ubwoba hama amufata ku nguvu. Uwo mupfasoni yagize ati: “ Yari afise bombe, imbugita n’inkoho hama ambwira ko nihenze nkahindukira aza kunca amaguru akamfata ku nguvu yayaciye. Nta n’umwe yigeze antabara.”

Uwundi mupfasoni ari mu myaka ya za 30 nawe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abarwanyi bagera kuri bane bamufashe ku nguvu mu kivunga bamuhora ko ari umugore w’umutegetsi. Uyu, yemeza ko abamufashe ku nguvu babikoreye imbere y’abana biwe. Umubanyi wiwe yaje kumutabara yumvise abana barira nawe abo barwanyi baciye bamukorera amabi nk’ayo.

Umunyamabanga mukuru wa Amnesty yo mu Bwongereza yakoze ano matohoza yavuze ko amabi TPLF yagirizwa ko yakoreye abo bagore ashobora kuja mu murwi w’ivyaha vy’agahomeramunwa na ndengera butungane. Amnesty yasavye TPLF gukora amatohoza ku vyo abarwanyi bayo bagirizwa. Ni mu gihe umukuru wa TPLF we yamirira kure ivyo vyagiriji vyose.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG