Etiyopiya: Inteko za Reta Zigaruriye Ibisagara Dessie na Kombolcha

Igisagara ca Dessie, mu ntara ya Amhara, Ethiopia,

Reta ya Etiyopiya yavuze kuri uyu wa mbere ko yigaruriye ibindi bisagara bibiri bikomeye vyari mu minwe y’abarobeli bayirwanya.

Igisata ca reta kijejwe gutangaza amakuru cacishije ku rubuga Twitter kivuga ko ibisagara vya Dessie na Kombolcha kugeza ubu bigenzurwa n’inteko za reta. Izo nteko zaheruka gutangaza kandi ko zigaruriye ibindi bisagara bibiri mu buseruko bw’igihugu.

Ibi bisagara bishasha vyafashwe biri mu ntara ya Amhara, ku kilometero 400 uva ku murwa mukuru Addis Abeba. TPLF yatangaje ko yabifashe mu mpera z’ukwezi kw’icumi. Ifatwa ryavyo na TPLF ryari ryarateye ubwoba ibihugu bimwe vyo mu burengero bw’isi, vyaciye bihamagarira abenegihugu bavyo kuva muri ico gihugu. Bavuga ko uwo muhari ushobora gufata umurwa mukuru mu gihe gito.

Ikimenyeshamakuru ca reta ya Etiyopiya cavuze kuri uyu wa mbere ko umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yavuze ko abarobeli batakaje abarwanyi babo benshi. Abiy yavuze kandi ko bazobandanya guhasha umwansi kandi ko intsinzi izobandanya.

Reta ya Etiyopiya mu ndwi iheze yavuze ko igisirikare cayo n’abo bafatanije urugamba bigaruriye igisagara ca Lalibela, cari cafashwe n’abarobeli mu kwezi kwa munani. Ikindi gisagara yigaruriye muri iyo ndwi nyene ni Shewa Robit kiri ku bilometero 220 vy’umurwa mukuru Addis Abeba.

Umuvugizi wa TPLF, Getachew Reda, we yavuze kuri Twitter kuri uyu wa mbere ko abarwanyi babo bahisemwo kuva mu bisagara vya Kombolcha na Dessie kuko ari umukenyuro wa gisirikare bahisemwo. AFP