Uko wahagera

Etiyopiya: Umushikiranganji wa Mbere Asaba Inteko Ziwe "Kuzimanganya umwansi"


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, ayoboye inteko ziwe ku rugamba yiyemeje gusubira gufata ibice vyo mu ntara ya Amhara vyafashwe n’inteko z’abarwanyi b’umutwe wa TPLF.

Abiy Ahmed yavuze ko abasirikare biwe bakorera mu buseruko bw’igihugu batahiye intsinzi ikomeye mu kiringo c’umusi umwe. Yavuze ko bazokora ibikenewe vyose kugira ngo batsinde urugamba mu bindi bice biriko biberamwo ingwano.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya yatangaje ayo majambo igihe yariko ashikiriza ijambo inteko za reta ziri ku rugamba hafi y’igice ca Gashena mu ntara ya Amhara. Yamara itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, ntiryashoboye gutohoza mu buryo bwigenga, aho yavugiye iryo jambo.

Abiy yabwiye inteko ziwe ko umwansi yatsinzwe, ko igisigaye ari ukumwomora n’ukumuzimanganya. Yatangaje ko yagiye ku rugamba kuyobora ibikorwa vya gisirikare vy’inteko ziwe mu ndwi iheze.

Itangazamakuru rya reta ryaramenyesheje mu mpera z’indwi irangiye ko igisirikare ca reta casubiye kwigarurira igisagara ca Chifra kiri mu ntara ya Afar.

Getachew Reda, umuvugizi w’umuhari “Tigray People’s Liberation Front”, TPLF mu mpfunyapfunyo, urwanya reta ya Etiyopiya yavuze ku musi wa mbere ko Abiy Ahmed ariko arwana ingwano y’amajambo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG