Uko wahagera

Etiyopiya: Inteko za Reta Zigaruriye Igisagara ca Lalibela


Lalibela town
Lalibela town

Inteko za Reta ya Etiyopiya kuri uyu wa gatatu zigaruriye igisagara ca Lalibela mu buraruko bw’igihugu. Ibi vyatangajwe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed. Ico gisagara kiri mu ntara ya Amhara mu buraruko bwa Etiyopiya, cari caguye mu minwe y’abarwanyi ba TPLF hamwe n’ababashigikiye mu mezi ane aheze.

Umuhari TPLF ntaco washotse uvuga ku vyavuzwe na reta ya Etiyopiya kw’ifatwa rya Lalibela, ahasanzwe n’ikibanza ceranda ku bakristu b’aba Orthodox muri Etiyopiya.

Kuva aho umuhari TPLF utangarije ko wafashe ibice bitari bike mu ndwi iheze kandi ko uriko werekeza ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba, reta yavuze ko yigaruriye ibisagara bito bito mu ntara za Afar na Amhara, harimwo na Lalibela.

TPLF watwaye Etiyopiya imyaka mirongo itatu. Intambara yatanguye mu mwaka uheze igihe umushikiranganji wa mbere Abiy arungikiye inteko muri reta ya Tigre kurwanya TPLF yari yigaruriye amakambi ya gisirikare.

Iyi ntambara imaze guhitana ibihumbi vy’abantu, itesha ingo zabo abaharurwa mu mamiliyoni abandi barenga imiliyoni icenda babeshejweho n’imfashanyo z’ibifungurwa bahabwa n’amakungu.

Nu u gihe umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yabivuze kuri uyu wa gatatu yavuze ko Indege hamwe n’ikamyo zitwara imfashanyo hagati y’imirwa mikuru Addis Abeba na Mekele mu ntara ya Tigre, vyongeye gukora ukuri kwamye.

Guterres yabwiye abamenyeshamakuru ko afise inkuru nziza yuko amakamyo 157 yinjiye i Mekele. Yavuze kandi ko gusubira gutanga imfashanyo ku murwa mukuru wa Tigre bitanga icizere ko umuryango w’ibiganiro ushobora kuzokwugururwa muri kazoza ka vuba. Ariko avuga ko ahangayikishijwe n’uko intambara zikibandanya, agasaba ko zihagarara ibiganiro bigatangura. AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG